The Kirundi LanguageKirundi is a complex and difficult language, very similar to Kinyarwanda, the language of Rwanda. Similar languages are also spoken in southern Uganda, eastern Congo, and western Tanzania. My friend Eric Riley has assembled a useful website that gives helpful phrases in Kirundi. For anyone planning to visit Burundi, it would be extremely helpful to learn some of the basic words and greetings in Kirundi.
Linguistic studies have shown that Kirundi and Kinyarwanda enjoy a special status within the entire African and Bantu community. In terms of population, they each rank among the top twenty African languages. Collectively or jointly they rank among the top ten. They are each the major and predominant languages of their respective countries, a rare situation which is shared with
Here is an important text in Kirundi:
WOBA WARUMVISE . . . .
| INGINGO ZINE Z'IVY'IMPWEMU? Ikintu cose gifise amategeko akigenzura. Nawe nyene kugira ngo ucudike n'Imana, hariho amategeko ukwiye gukurikiza. Ingingo ya1IMANA IRAGUKUNDA KANDI IKUGIRA IMIGABO Y'AGATANGAZA MU BUGINGO BWAWE URUKUNDO RW'IMANA "Kuk'urukundo Imana yakunze abari mw'isi, ari rwo rwatumye Itanga umwana wayo w'ikinege, ng'umwizera wese ntaz'apfe IMIGABO IMANA IGUFITIYE Yesu arakubwira ati: "Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse." Yohana 10:10 Mbega ni kuki abantu benshi badafise ubwo bugingo? |
| UMUNTU NI UMUNYAVYAHA KANDI IVYAHA VYIWE VYAMUTANDUKANIJE N'IMANA Ingingo ya2BITUMA ATAMENYA URUKUNDO N'IMIGABO IMUGIRA MU KUBAHO KWIWE. UMUNTU NI UMUNYAVYAHA "Kukw ata tandukaniro, bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw'Imana". Imana yaremye umuntu kugira ngo bacudike. Yamara umuntu yahisemwo inzira yiwe bituma atandukana n'Imana. Kugarariza no kutumvira Imana ni Icaha. Kandi iyo umuntu ahushanije n'ivy'Imana Igomba, bituma aba mu buja bw'ivyaha. UMUNTU YARATANDUKANYE N'IMANA "Ingero y'icaha ni urupfu"
Ingingo ya gatatu iduha inyishu y'iyo ngorane. |
| YESU KRISTO NI WE GUSA NZIRA Y'UKURI ISHIKANA UMUNTU KU MANA YERA. Ingingo ya3muri we ni ho ushobora kumenya urukundo Imana igukunda n'imigabo Ikugira mu kubaho kwawe.
"A rikw'lmana yatweretse urukundo rwayo ldukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha " Abaroma 5:8 YESU NI MUZIMA "Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo YESU WENYENE NI WE NZIRA. "Yesu aramubwira ati: Ni jewe nzira n'ukuri n'ubugingo:
Ariko ntibihagije kumenya izo ngingo zitatu zonyene. |
| Ingingo ya4URAKWIYE KWAKIRA YESU KRISTO UMWAMI N'UMUKIZA WAWE; NI HO UZOMENYA URUKUNDO RW'IMANA N'IMIGABO IKUGIRA MU BUGINGO BWAWE. DUKWIYE KWAKIRA UMWAMI YESU KUBWO KWIZERA Iyo twakiriye Yesu -Kristo tuba tuvutse ubwa kabiri. (Yohana 3:1-8 ) KWAKIRA YESU NI UKUMUSABA KUZA Yesu arakubwira ati: "Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we dusangire". Ivyahishuwe 3:20 Kwakira Yesu
Mbega mugenzi ni ikihe gicapu wogereranya n'ubugingo bwawe? | ||||||||
| USHOBORA KWAKIRA YESU UBU NYENE KUBWO KWIZERA MU GUSENGA. (Gusenga ni kuganira n'Imana). Musabe Yesu yinjire mu bugingo bwawe. Wizere kwashobora kugukorera ivyo yasezeranye. Aya masengesho yogufasha kwakira Yesu, uyavuze n'umutima ukunze. Mwami Yesu ndagutakambiye kugira ng'unyiganzire mbe uwawe Ivyaha vyanje vyantandukanije nawe. Ndakwinginze Mwaming'uze mu rnutima wanje Ndagushimiye ko umpariye ivyaha vyanje vyose. ndabizi neza ko wahejeje kubimparira Ubu ndemeye kuva mu vyaha ngo tubane Yesu Hindura ubu bugingo bwanje mbe nk'nk'ugomba ibihe vyose. Amen. Mbega, aya masengesho arahuye n'ivy'umutima wawe wifuza? INGENE USHOBORA KUMENYA KO YESU ARI Mbega wakiriye Yesu Kristo mu bugingo bwawe ? BIBILIYA ISEZERANA UBUGINGO BUDASHIRA KU BAKIRIYE YESU KRISTO BOSE. Kandi iyo ntahe ni iyi: n'ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo ko buri mu Mwana wayo. Ufise Umwana wayo ni we afise ubwo bugingo; udafise Umwana w'lmana ntafise ubwo bugingo. Ivyo ndabibandikiye, mwebwe mwizeye izina ry'Umwana w1mana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira Ukurikije iryo sezerano ushobora kumenya ko Yesu Kristo ari mu bugingo bwawe kandi ko ufse ubugingo budashira kuva umwakiriye mu bugingo bwawe. Ntazoguhemukira. Shimlra Imana imisi yose ko Yesu Kristo NTUKABESHWEHO N'AKAMEREMERE KAWE. Ubushobozi bw'Umukristo buhagaze kw'Ijambo ry'Imana, atari kuri kameremere kiwe canke uko avyiyumvamwo. Umukristo abeshwaho n' ukwizera mu kwizigira Imana n'Ijambo ryayo.Uyu musi ushobora kunezerwa, ikindi gihe ukababara.Uko umuntu yiyumvamwo biva mu gihe aba arimwo.Ntukabeshweho n'akameremere kawe kugira ngo ugire icemezo c'uko Kristo yama ari mu bugingo bwawe. Kuko uzi kw'Itabesha. ushobora gusa gukengurukira Imana kuko rnu bihe bibi n'ibihevyiza ibana nawe mu bugingo bwawe. Mu kuvuga uti: "Urakoze" vyerekana ko wizeye Isezeiano iyayo. IBISHIKA MU BUGINGO BWAWE UMAZE KWAKIRA YESU KRISTO NI IBIKI? Mu gihe wakira Kristo,ibintu vyinshi vyagushikiye mu bugingo bwawe 1. Yesu Kristo yaje mu bugingo bwawe (Ivyahishuwe 3:20) Mbega mugenzi, wibaza ko hari ikindi kintu cokunezera kuruta kwakira Yesu mu bugingo bwawe ? UBURYO BWO GUKURA MU VY'IMPWEMU
NI NGOBWA KW'ABAKRISTO BAKORANIRA HAMWE Aka karorero ka radufasha kubitahura: |
ASANGWA AKAGATABO KAGUFASHIJE NI UGASOMERE UWUNDI MUNTU






